Amakuru
13 octobre 2023

Butoyi aregwa kwica ba babikira b’Abataliyanokazi afashwe neza (Domine Banyankimbona)

Nta kibazo kiri mu mabohero mu Burundi. Eka na Butoyi, amaze imyaka icenda akurikiranwa ko yoba yishe ba babikira batatu b’Abataliyanokazi mu Kamenge, afashwe neza. Ivyo vyemezwa n’umushikiranganji w’Ubutungane, Domine Banyankimbona. Yabivuze ku munsi wa gatanu w’indwi iheze mu kiganiro cakozwe n’abashikiranganji bose. Ku vyerekeye ko umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye afise ikibazo gikomeye ca asma mw’ibohero ry’i Muyinga, uwo Domine Banyankimbona nyene yishuye muri rusangi, avuga ko atari abanyororo bitorera aho bavurirwa. Hama agasa kandi n’uwushaka kwemeza ko ata banyororo bari mu Burundi bapfunzwe ata dosiye bafise