Ku binogo rusangi 7 vyasuzumwe, 4 gusa nivyo vyamenyekanye ko vyahambwemwo abantu mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo binogo rusangi vyose bikaba biri muri zone ya Buterere. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa kane na Pierre Claver Ndayicariye, arongoye umurwi CVR. Akaba yariko arashira ahabona ibikorwa vyo kuzura ibisigarira vy’abantu bishwe mu mwaka w’1972 mu gisagara ca Bujumbura.
Amakuru
7 août 2021