Amakuru
14 décembre 2022

Bunyoni yasubijweko ibihano na Amerika yagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu

Ingingo yo gusubiza Bunyoni ku rutonde rw’abafatiwe ibihano na Amerika yafashwe inyuma y’amezi make Amerika hamwe n’Ubumwe bwa Buraya bikuye ibihano kuri bamwe mu bategetsi bari barafatiwe ibihano harimwo Alain Guillaume Bunyoni nyene hamwe n’uwamusubiriye mu mabanga y’umushikiranganji wa Mbere Gervais Ndirakobuca. Iyo ngingo ikaba itatangaje abanyepolitike batavuga rumwe na leta. Jérémie Minani, arongoye umugambwe w’Ihuriro ry’Abarundi baharanira intwaro rusangi (RDB) atangazwa ahubwo n’ukubona ivyo bihano bifatirwa Bunyoni wenyene mu gihe ayo mabi bayakoze ari benshi mu bari ku butegetsi. Ariko kandi arashima ko ivyo bishobora gutuma n’abandi bakoze ayo mabi babona ko ivyo bakoze bazoteba bakabihanirwa.