Amakuru
24 février 2021

Bobi Wine yakuye ibirego yari yashize muri sentare ntahinyuzwa, yiyamiriza amatora y’umukuru w’igihugu yo ku wa 14 Nzero uno mwaka

Bobi Wine yari yahiganiwe intebe y’umukuru w’igihugu c’Ubuganda yakuye ibirego yari yashize muri sentare ntahinyuzwa, yiyamiriza amatora y’umukuru w’igihugu yo ku wa 14 Nzero uno mwaka. Robert Kyangulanyi yabwiye ibinyamakuru ko ahevye kubandanya urwo rubanza, kubera atizeye abacamanza bo muri Sentare Ntahinyuzwa. Abagiriza ko bahengamye. Abashingwamanza biwe bakaba bari basavye ko abacamanza bamwe bamwe mu bafise urwo rubanza bovamwo, ariko nabo baranka. Uwo yahora ari umuririmvyi mu nyuma akaja muri politike Bobi Wine, yari yiyamirije ivyavuye mu matora vyahaye uwo bahiganwa Yoweri Museveni, ikiringo ca gatandatu. Ayo matora, Bobi Wine akaba yari yavuze ko ari inkinamico.