Amakuru
12 juin 2021

Bitebe bitebuke ubutungane buzokora

Umushingwamanza Janvier Bigirimana aravunira akagohe abatwara Uburundi uno munsi ko bari bakwiye guhagarika ubwicanyi ha kubandanya bakora mu nkovu ababuze ababo ku ntwaro ya Nkurunziza. Uwo ari mu ndongozi z’umuhari mpuzamakungu Tournons la Page, akibutsa abari ku butegetsi ko n’aho Nkurunziza atagikwirikiranywe n’ubutungane, bobo bategerezwa kuzokwirikiranwa bitebe bitebuke.