Amakuru
22 décembre 2023

Birateye isoni gupfunga Floriane Irangabiye ata kindi azira atari umwuga wiwe (Iris Steen)

Floriane Irangabiye arakwiye kurekurwa ata gisabwe. Bisabwa na Iris Steen, ari muri Amnesty Flandres, yatunganije imyiyerekano yo gusaba leta y’Uburundi kurekura uwo mumenyeshamakuru. Imyiyerekano yabereye ku cicaro c’uwuserukira Uburundi mu gihugu c’Ububiligi kuri uyu wa 20 Kigarama. Iris Steen amenyesha ko ari ibiterasoni kubona Floriane apfunzwe azira umwuga wiwe.