Amakuru
14 septembre 2021

Birashoboka kwitwarira leta idafata ingingo zo gukinga ikiza ca Corona

Nta cobuza ko abanyagihugu bitwarira leta muri sentare zo mu gihugu canke mpuzamakungu mu gihe idashaka kubakingira ikiza ca Corona. Umushingwamanza Janvier Bigirimana avuga ko abashobora kwitarira leta ari abantu basinzikajwe n’ico kiza canke imiryango y’ababuze ababo. Janvier Bigirimana agasaba leta kwikubita agashi mu gushiraho amabwirizwa yo kwikingira ico kiza nk’uko ibindi bihugu bibikora.