Amakuru
18 mai 2022

Birashoboka kurwanya indwara y’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso

Itariki 17 Rusama uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara y’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso. Ku bw’umuganga Jean Désiré Manirakiza, mu bituma iyo ndwara ngo harimwo kugira ibinure vyinshi mu mubiri. Muganga Jean Désiré Manirakiza agasigura kandi ko hari uburyo bwo kurwanya ibitera iyo ndwara y’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso no kwirinda ko ikomera ku basanzwe bayirwaye.