Amakuru
10 novembre 2021

Birababaje kubona Inama nshingamateka yiyamiriza ugutorana kw’abakenyezi, nk’agateka kabo

Kubona umukuru w’Inama nshingamateka ashigikira ku mugaragaro itegeko ricinyiza abakenyezi bisasira indava ihohoterwa ry’abakenyezi b’Abarundikazi. Bivugwa na Jeanne d’Arc Zaninyana, umunyamabanga mukuru w’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS). Abimenyesheje inyuma y’aho mu mpera y’indwi iheze, Daniel Gélase Ndabirabe, arongoye Inama nshingamateka y’Uburundi, ari mu nama yamuhuje n’abarongoye abandi mu ntara ya Muramvya, yamenyeshereje ko itegeko riha uburenganzira abakenyezi n’abigeme gutorana hataragera ko rishirwaho. Jeanne d’Arc Zaninyana ahamagarira abakenyezi kutadebukirwa mu guharanira agateka kabo kubera amajambo mwene ayo.