Amakuru
14 septembre 2023

Bimwe mu bihishijwe kw’igandagurwa rya Ndadaye, mu gitabo ca Rukindikiza “Trahisons au Burundi”

« Trahisons au Burundi : de 1962 à 1993 » ni ryo jambo ry’umutwe ry’igitabo gishasha ca Gratien Rukindikiza, yahoze ajejwe gucungera ubuzima bw’umuhisi Melchior Ndadaye. Ico gitabo kikaba ari intahe ku vyagiye biraranga Uburundi muri ico gihe, ku magenekerezo amwe amwe. Kikaba ahanini cibanda kw’igandagurwa rya Melchior Ndadaye muri Gitugutu 1993, bikozwe na bamwe mu bagize inzego za gisirikare, eka mbere na bamwe mu bari bamwegereye.