Amakuru
24 mai 2022

Biciye mu myuga, umuhari MFFPS uriko urafasha abakozweko n’amagume yo mu 2015

Abantu 10 bari mu bahohotewe mu ndyane zadutse mu Burundi guhera mu mwaka w’2015 bagiye kwigishwa umwuga wo gushona, abandi 4 nabo bahabwe umutahe wo gukora imigambi yo kwiteza imbere. Izo nyigisho zateguwe n’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Umushingwamanza Jeanne d’Arc Zaninyana, umuyobozi nshingwabikorwa w’uwo muhari, avuga ko ivyo biri mu mugambi wabo wo gushigikira abahohotewe gusubira kwibeshaho mw’iteka.