Amakuru
9 septembre 2021

Bamwe mu banyororo ntibarekurirwa kuvugana n’ababo

Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi rirahagaritswe umutima n’ingingo yafatiwe abapfungwa yo kutarabwa mu mabohero, idakurikizwa kuri bose. Ubuyobozi bw’amabohero mu Burundi bwari bwavuze ko bwafashe iyo ngingo mu ntumbero yo gukingira abanyororo ikiza ca Corona. Kubw’umushingwamanza Jean-Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, ngo iyo ngingo yaje mu gihe amabohero atari make arangwamwo ubukene bw’ibifungurwa, ivyo bikunyurwa n’uko abapfungwa batakibonana n’imiryango yabo yahora ibasahiriza mu vyo gufungura.