Amakuru
4 mai 2022

Ata bwigenge bw’ukumenyesha amakuru, nta n’ubwigenge mu bindi bisata

Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru buracari kure nk’ukwezi, n’aho ishirahamwe RSF ryo rishira Uburundi mu kibanza ca kabiri mu karere ka Afrika y’ubuseruko mu kwubahiriza ubwigenge bwo kumenyesha amakuru. Umuyobozi wa radiyo RPA amenyesha ko ubwigenge bwo kumenyesha amakuru bubangamiwe kuva mu 2015, aho ibimenyeshamakuru bikorera mu Burundi bitagifise uburenganzira bwo gukora ku makuru nkoramutima y’ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu n’umutekano w’abanyagihugu. Bob Rugurika avuga ko ico kibanza Uburundi buhabwa na RSF atabona ico gifatiyeko mu gihe biri uko mu gihugu. Akaba yabivuze kuri uyu wa 3 Rusama aho hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru.