Amakuru
14 août 2023

António Guterres arakwiye guterera kugira impunzi zo muri Tanzaniya zigire amahoro

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU arakwiye ubwiwe kwitaho ikibazo c’umutekano muke urangwa mu mpunzi z’Abarundi baba muri Tanzaniya mu gushaka kubatahukana ku nguvu. Ivyo bikaba bikorwa na leta ya Tanzaniya ifadikanije na leta y’Uburundi. Ivyo bikaba biri mw’ikete urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi rwarungikiye António Guterres. Muri iryo kete, CBDH/VICAR imwibutsa ko urwego rwa ONU rufise uruhara rukomeye mw’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urwo runani, akaba anegura ingene hari bamwe mu bakozi ba HCR batungwa urutoke kuba bari mu bakorera iterabwoba izo mpunzi.