Amakuru
15 juin 2023

Amazu ibihumbi 33 azoza arubakwa buri mwaka mu mugambi w’ihangiro ry’2040 n’2060

Hategerezwa kwubakwa n’imiburiburi amazu agera ibihumbi 33 ku mwaka mu mugambi w’igihugu wo kwegereza ibisagara abanyagihugu mu Burundi. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’Inyubako, Dieudonné Dukundane. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa kabiri. Uwo mugambi ukaba uri mu rukurikirane rw’umugambi mukuru w’abategetsi b’Uburundi w’ihangiro ryo mu 2040, Uburundi bwerekeza kw’iterambere n’Uburundi butunze mu 2060. Dieudonné Dukundane akavuga ko ivyo batobishikako mu gihe boba badashoboye gushikana ico gitigiri c’amazu yoza arubakwa umwaka ku mwaka.