Amakuru
19 juillet 2024

Amatora mu Rwanda yabaye amatora meza kandi mu mahoro mu gihugu cose (D. Magara)

Amatora y’umukuru w’Igihugu hamwe n’ay’abashingamateka mu gihugu c’Urwanda yabaye amatora meza. Bivugwa na David Magara, yari arongoye intumwa z’ishirahamwe ry’akarere ka EAC zari zagiye guhagarikira amatora mu gihugu c’Urwanda. Izo ntumwa zikaba zasohoye icegeranyo c’imfatakibanza kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Mukakaro. David Magara amenyesha ko bwari ubwa mbere abona amatora mu gihugu cose aba mu mahoro ata ngorane yigeze iba.