Amakuru
20 juillet 2023

Amatoni 15 y’isukari yari agenewe komine Mukaza muri meri ya Bujumbura nta wuzi irengero ryayo

Amatoni 15 y’isukari yari agenewe komine Mukaza muri meri ya Bujumbura yoba yagiye he ? Ico kibazo kibazwa n’uwurongoye igisagara ca Bujumbura. Jimmy Hatungimana yamenyesheje ku munsi wa gatatu ko iyo komine yari kuronswa amatoni 45 y’isukari, ariko hakaba habonetse amatoni 30 gusa. Umukuru w’igisagara asaba ko iyo sukari yoboneka maze igatangwa aho yari igenewe. Jimmy Hatungimana akemeza ko ayandi makomine abiri y’igisagara ca Bujumbura yaronse isukari yose yari iyagenewe ukuri kwamye.