Amakuru
15 juillet 2023

Amatohoza kuri alain Guillaume Bunyoni aracabandanya

Gutunga ibirwanisho atabifitiye uburenganzira no gutuka umukuru w’Igihugu. Ivyo ni ibirego bibiri bishasha vyiyongeye ku vyo Alain Guillaume Bunyoni yagirizwa. Ubu rero bikaba bibaye bitanu. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa. Yabivuze ku munsi wa kane mu kiganiro abavugizi b’inzego za leta batunganirije i Muramvya. Agnès Bangiricenge yongera avuga ko amatohoza ku wahoze ari umushikiranganji wa Mbere akibandanya.