Ibice 6 % vy’Abarundi ni bo bonyene bashikirwa n’isuku rikwiye ry’ibanze. Ivyo bikava kw’ikena ry’amazi meza mu Burundi. Ivyo vyashikirijwe mu nama yamaze iminsi itatu yabereye i Ngozi itunganijwe n’ubushikiranganji bw’Amazi, amasoko ntanganguvu n’ubutaka kugira bige ibijanye n’ico gisata. Iyo nama ikaba mu vyo yashize imbere ari ugutunganya amategeko yotuma abanyagihugu baronswa amazi meza akwiye kandi agafatwa neza.
Amakuru
23 juillet 2024