Abarongozi bashasha b’umugambwe CNL binjiye mu ngoro y’uwo mugambwe babifashijwemwo n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura. Umukuru mushasha w’uwo mugambwe, Nestor Girukwishaka, aranegura ko abo basubiriye batashatse ko babisikanya ku neza. Akaba yavuze ko mu vyihuta bagiye gukora ari ukurekuza abanywanyi b’umugambwe CNL bapfunzwe. Akaba atera akamo uwo asubiriye Agathon Rwasa gusubiza ku neza ibikoresho vy’umugambwe ahandi ho azokwirikiranwa n’ubutungane.
Amakuru
23 mars 2024