Amakuru
4 mars 2023

Amashirahamwe yunguruza abantu n’ibintu agiye gusaba kwemererwa gushasha arihe n’amafaranga asabwa

Amashirahamwe yunguruza abantu n’ibintu ategerezwa kuriha, mu kiringo kitarenga ukwezi, amafaranga yo kwemererwa gukora gushasha. Umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bwo Gutwara abantu n’ibintu, Innocent Nibizi, yabimenyeshereje mu nama yagiranye n’abakorera muri ico gisata. Ariko bo babona ko leta iriko ibaka amafaranga y’umurengera.