Amakuru
12 mai 2023

Amashirahamwe yahaye akazi abakozi ba leta birukanywe, asabwa na yo kubirukana mu kazi

Amashirahamwe y’abigenga yahaye akazi abantu birukanywe mu kazi kabo kubera amakosa akomeye, ahamagarirwa guhagarika amasezerano yabo ata gisabwe, mu gihe yipfuza kugumana imigenderanire myiza na leta. Afatiye ku cegeranyo c’ivyavuye mu Nama nshikiranganji, umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wa leta, Prosper Ntahorwamiye, amenyesha kandi ko amashirahamwe aronka amasoko ya leta ategerezwa kwerekana ingene amafaranga bavanye mu nyungu z’uturusho bahawe na leta akoreshwa.