Amakuru
13 août 2022

Amashirahamwe menshi akorera mu ruhombo kubera ubukene bw’umuyagankuba n’igitoro

Radiyo Isanganiro vyamenyekanye ko idashobora gukora kubera ata muyagankuba n’igitoro biriho, inyuma y’uko yabivuze ku mbuga ngurukanabumenyi. Na yo ahandi ho, mu Burundi ni benshi batagishobora gukora kubera ubwo bukene. Bivugwa na Innocent Muhozi, arongoye imboneshakure Renaissance. Akavuga ko n’abacinanata bakora bahomba kubera igitoro kizimvye cane.