Amakuru
18 février 2023

Amashirahamwe AFJB na APDH yagirizwa gukorana n’abansi b’igihugu

Abaharanira agateka ka zina muntu 5 bafashwe ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 14 Ruhuhuma barashikanywe mw’ibohero rikuru rya Mpimba ku munsi wa kane. Bajanywe bamaze iminsi ibiri basambishwa aho bari bapfungiwe mw’ibohero ry’ibiro bikuru vy’iperereza. Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko bagirizwa gukorana n’ishirahamwe ritagikorera mu Burundi. Abaharanira agateka ka zina muntu bakaba biyamiriza ihohoterwa ririko rirakorerwa abaharanira agateka ka zina muntu, kandi rikaba ririko riracafuza isura y’igihugu.