Integuro y’itegeko rigenga amasezerano yo guhanahana ibidandazwa hagati y’Uburundi na Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo yaremejwe n’Inama nshingamateka y’Uburundi. Hari ku munsi wa kabiri mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe. Umushikiranganji ajejwe Inyubako, Dieudonné Dukundane, yari yagiye gusigurira abashingamateka akarusho ayo masezerano azozanira Abarundi, yavuze ko ari iryo kworohereza cane cane abadandaza bato bato.
Amakuru
16 décembre 2022