Amakuru
19 juillet 2022

Amasezerano y’amahoro ya Arusha yashobotse kubera umutima rugabo wa Nelson Mandela

Nelson Mandela ni we wenyene yashoboye kwumvikanisha Abarundi biciye mu masezerano y’amahoro ya Arusha avuye mu biganiro. Ni we yashoboye guhuza impande zari zishamiranye igihe bahurira i Arusha muri ivyo biganiro mu 1999. Ivyo bishikirizwa na Fréderic Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’Igihugu akaba arongoye urunani CFOR-Arusha. Abishikirije mu gihe hariko harahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe Nelson Mandela, umunsi washizweho n’ishami rya ONU ryitaho imico n’akaranga UNESCO, ukaba uhimbazwa igenekerezo rya 18 Mukakaro uko umwaka utashe. Ku bwa Frédéric Bamvuginyumvira, ubutegetsi buhari uno munsi buhonyanga amasezerano ya Arusha kubera Mandela atakihari.