Abarundi bose mu budasa bwabo bahamagarirwa guhaguruka bagahagararira amasezerano y’i Arusha y okurondera amahoro n’ukunywanisha Abarundi. Akamo gaterwa n’icegera c’uwurongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU mu rukurikirane rw’isekeza ryo gusigura ibiri muri ayo masezerano, inyuma y’imyaka 21ateweko umukono. Kubwa Léonce Ngendakumana, ngo ico gikorwa ntikigoye kuko ayo masezerano akiri mu mitima y’Abarundi n’aho hari umurwi w’Abarundi bashaka kuyazimanganya.
Amakuru
3 septembre 2021