Amakuru
22 août 2023

Amasendika mu gisata c’amagara y’abantu arashimishwa n’ibiganiro arimwo n’ubushikiranganji bubega

Umushikiranganji w’Amagara y’abantu yarahaye umubonano mu mpera z’indwi iheze, abaserukira ihuriro ry’amasendika y’abakorera mu gisata c’amagara y’abantu. Ibiganiro bikaba vyari bihagaze ku vyo basaba ahanini bigizwe n’ingene abakorera muri ico gisata bafatwa hamwe n’intwaro ibereye. Inyuma y’uwo mubonano, Mélance Hakizimana, arongoye iryo huriro ry’amasendika akorera mu gisata c’amagara y’abantu, arashimishwa n’ivyashitsweko, agasaba y’uko mwene ivyo biganiro vyohoraho.