Igisagara ca Bujumbura cabaye ica nyuma muri ca kibazo ca leta gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashure ya kaminuza. Dr François Havyarimana, umushikiranganji ajejwe indero, asigura ko mu mvo nyamukuru ari ukubera ko mu gisagara ca Bujumbura hari amashure menshi y’abikorera utwabo usanga adakurikiza amategeko y’ubushikiranganji, bigaca bituma akanovera k’inyigisho muri ayo mashure kabura. Umushikiranganji François Havyarimana aboneraho akaryo ko gutera akamo abavyeyi kuhagabira mu gihe co kurungika abana babo muri mwene ayo mashure.
Amakuru
9 septembre 2021
