Amakuru
1 septembre 2023

Amanota 58% ni yo asabwa mu kuja mu mashure afise uburaro

Abanyeshure 21 678 ku bagera ku 73 824 ni bo bamenye ikibazo gitanga uburenganzira bwo kubandanya igice ca kabiri c’ishure nshingiro. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’Indero. Hari kuri uyu wa kane mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru ku bijanye n’integuro y’umwaka w’ishure w’2023 ushira uw’2024. François Havyarimana avuga ko abashoboye kuronka 68 ku 200, ni ukuvuga 34%, ari bo bazorungikwa mu gice c’inyuma y’ishure nshingiro. Uwo mushikiranganji avuga kandi ko abazokwemererwa kuja mu mashure afise uburaro ari abaronse ibice 58%, mu gihe abo mu bwoko bw’Abatwa, ngo abazoba baronse 34% bazokwemererwa kwiga mu mashure afise uburaro.