Amakuru
25 janvier 2023

Amaleta ategerezwa gukora ibishoboka uburyo bw’igisata c’indero bukiyongera

Indero ni agateka ngenderwako ka kiremwa muntu. Ivyo vyibutswa n’umunyamabanga mukuru wa ONU, mw’ijambo ryiwe yashikirije ku munsi mpuzamakungu w’indero uhimbazwa itariki 24 Nzero. Ku bwa António Guterres, ngo indero ni yo nkingi y’imibano, ubutunzi, eka n’umwizero w’umwe umwe wese. Ariko rero akongera akavuga ko uburyo bukwiye bubandanije kubura, uwo mwizero uzohava utakara.