Amakuru
8 mars 2024

Amakungu asabwa guhagurukira ikibazo c’umutekano muri Congo (R.G. Gatoni)

Ikibazo c’umutekano muri Congo no mu karere, ni co umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yaganiriye ku munsi wa gatatu n’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’uwuserukira Ubuswisi mu Burundi. Evariste Ndayishimiye akaba ari na we ajejwe ikurikiranwa ry’ishirwa mu ngiro y’amasezerano y’amahoro muri Congo. Guilène Rosine Gatoni, umuvugizi w’umukuru w’Igihugu, amenyesha ko yasavye ko amakungu ahaguruka kugira iyo ngwano iriko ibera muri Congo itorerwe umuti vuba.