Amakuru
12 juillet 2024

Amakungu arakwiye gushigikira inzira y’ibiganiro mu gutorera umuti ikibazo co muri Congo (Rwanda)

Urwanda ruragiriza igihugu ca Congo gushigikira umurwi w’iterabwoba FDLR usanzwe uri isoko ry’umutekano muke ku Rwanda hamwe no ku karere k’Ibiyaga binini. Vyavuzwe na Ernest Rwamucyo, aserukira Urwanda mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Yabivugiye mu Nama nkuru ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi yakoranye ku wa 8 Mukakaro yiga ku kibazo c’umutekano muke uri mu buseruko bwa Congo. Ernest Rwamucyo yasavye amakungu gushigikira utwigoro dukorwa n’akarere mu kurondera gutorera inyishu ikibazo co muri Congo biciye mu biganiro vya politike.