Amakuru
12 novembre 2021

Amajambo y’umukuru w’Inama nshingamateka ku gutorana kw’abakenyezi bayabonamwo agashinyaguro

Abakenyezi baronse uburenganzira bwo gutorana ntivyotuma indyane z’amatongo ziyongera nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’Inama nshingamateka Daniel Gélase Ndabirabe. Bivugwa n’umushingwamanza Jeanne d’Arc Zaninyana, umunyamabanga mukuru w’umuhari w’Abakenyezi n’Abigeme baharanira Amahoro n’Umutekano mu Burundi (MFFPS). Ngo ahubwo igituma abantu baryana ni uko ata tegeko rigenga ivyo gutorana ririho.