Amakuru
23 octobre 2023

Amajambo aryanisha akoreshwa mu gusubira kuryanisha Abarundi (Uwacitse kw’icumu mu 1993)

Amajambo yo kuryanisha ariko arakwiragizwa na bamwe mu bategetsi b’igihugu ashobora gusubiza igihugu mu kaga gakomeye. Ayo ni amakenga y’abacitse kw’icumu mu bwicanyi bwo muri Gitugutu 1993 mu gihe bariko baribuka imyaka 30 iheze ababo bagandaguwe bunyamaswa. Umushingwamanza Félix Niyonkuru, umwe mu batunganije ico gikorwa, ariyamiriza abavuga ko ubwo bwicanyi bwabaye agashavu k’abanyagihugu inyuma y’igandagurwa rya Ndadaye, akabona ko ari abashaka guhuvya Abarundi. Agasaba leta kwihaniza abakwiragiza bene ayo majambo yo kuryanisha Abarundi.