Amakuru
4 juin 2022

Amafaranga y’umuzibukiro azotangwa imbere y’uko ibikorwa vy’ukwubaka ibarabara RN3 bitangura

Kuva kw’igenekerezo rya 9 Ruheshi uyu mwaka, ibikorwa vy’ukwubaka ibarabara ry’igihugu inimero 3 riva i Bujumbura rija mu Rumonge, ngo bitegerezwa kuba vyatanguye. Iyo akaba ari imwe mu ngingo zapfundikiwe mu nama umushikiranganji wa Mbere Alain Guillaume Bunyoni yagirishije kuri uyu wa kane abegwa n’ibikorwa vy’ukwubaka iryo barabara. Alain Guillaume Bunyoni yamenyesheje kandi ko amafaranga y’umuzibukiro azoba yamaze kuboneka imbere y’uko ivyo bikorwa bitangura.