Amakuru
12 février 2024

Amafaranga y’ingurane ku banyeshure ba kaminuza y’Uburundi arahari (F. Havyarimana)

Inkuru nziza ku banyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi. Umushikiranganji w’indero arabahumuriza ko uburyo bugenewe ingurane y’amafaranga y’ishure buhari kandi bukwiye. Yabivugiye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru mu mpera z’indwi iheze, aho yariko arashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye mu mezi atandatu ya nyuma y’umwaka w’2023. François Havyarimana yaratangajwe no kwumva ko hariho amakaminuza ataratunganiriza abanyeshure ku bijanye n’iyo ngurane.