Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi) rirahagaritswe umutima n’ubukene bw’ibifungurwa bigenewe abanyororo mu mabohero atandukanye y’igihugu, na cane cane ifu, aho haheze amezi atatu bitaboneka neza. Akarorero, ni mw’ibohero rya Ngozi, aho mu minsi 31 igize ukwezi guheze, abanyororo baronkejwe ibifungurwa bikwiye iminsi 10 gusa. Kuri ubwo bukene bw’ibifungurwa mu bubiko, ACAT-Burundi isaba abategetsi b’igihugu kudafata minenerwe ico kibazo kuko gihonyanga agateka k’abo banyororo. Kurikira umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi.
Amakuru
6 janvier 2022