Amakuru
1 novembre 2023

Amabohero arimwo ibitigiri vy’umurengera kandi harimwo abatari bakwiye gupfungwa (Ntabariza)

Leta irakwiye gufata ingingo yo guhana abashikirizamanza bakoresha ububasha bafise kugira bapfunge abantu. Bisabwa na Jean Marie Nshimirimana, arongoye ishirahamwe Ntabariza ryitaho ineza y’abapfungwa n’imiryango yabo. Yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa mbere. Iryo shirahamwe ribisavye inyuma yo guca mu mabohero atandukanye mu gihugu rigasanga hari ibitigiri vy’umurengera mu mabohero kandi harimwo benshi bagirizwa ivyaha bito bito.