Amakuru
24 février 2024

Ishirahamwe Ntabariza risaba umukuru w’Igihugu kubandanya arekura abanyororo

Ishirahamwe Ntabariza rirashima ingingo yafashwe n’umukuru w’Igihugu yo kurekura abanyororo bagera ku 558 ku munsi wa mbere. Jean Marie Nshimirimana, arongoye ishirahamwe Ntabariza, atera akamo umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye kubandanya iryo sekeza ryo kurekura abanyororo ku bwinshi. Ku bwa Jean Marie Nshimirimana ngo bazohimbarwa hamwe amabohero yoba asigayemwo abanyororo 4 000 ku 12 000 bari mu mabohero yose mu gihugu.