Amakuru
3 novembre 2022

Amabi akorerwa abamenyeshamakuru n’inzego za leta mu Burundi ntahanwa

Uburundi ni co gihugu ku mugabane wa Afrika gifise abamenyeshamakuru benshi bomowe bahunga ikibi bariko bakorerwa na leta. Hakaba n’uwishwe hamwe n’umuryango wiwe wose, hamwe n’uwundi yanyurujwe, abo bose akaba ata butungane buragira ico bukoze kugira buhane abakoze ayo mabi. Ivyo binegurwa na Innocent Muhozi, arongoye ikigo OPB gicungera uko ibinyamakuru bikora. Akaba yabishikirije kuri uyu wa 2 Munyonyo, umunsi wahariwe kurwanya ukudahana amabi akorerwa abamenyeshamakuru.