Amabi ajanye n’isinzikarizwa ubuzima, kubuzwa uburenganzira bwo kuja kwivuza n’ubwinshi bw’abapfungwa mu mabohero atandukanye, ni bimwe mw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rikorerwa abapfungwa nk’uko bimenyeshwa n’ishirahamwe ACAT-Burundi. Mu cegeranyo caryo co mu kwezi kwa mbere, ACAT-Burundi itunga agatoke muri ayo mabi abapfungwa bari mu mugambwe CNDD-FDD, bakayakora bafashijwe n’abarongoye amabohero.
Amakuru
16 février 2021
