Amakuru
2 décembre 2021

Amabi afatiye ku gitsina abandanya mu Burundi kubera ukudahana ivyaha kwibonekeza

Amabi afatiye ku gitsina ni bimwe mu biteye cane impungenge mu gihugu c’Uburundi kandi bibangamiye vy’urugero rwo hejuru abakenyezi n’abigeme mu gihugu. Ivyo nivyo Umuhari w’abakenyizi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS) wifadikanije n’Urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe ivyaha bihanwa na sentare mpuzamakungu (CAVIB), bibutsa umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Ayo mashiramwe agasaba umukuru w’igihugu gushiraho urunani rw’abaharanira kurwanya amabi afatiye ku gitsina. Bivugwa n’umushingwamanza Immaculée Hunja, arongoye umuhari MFFPS.