Amakuru
28 mai 2024

Alain Guillaume Bunyoni yotegerejwe no kubazwa ivyaha bikomeye vy’ubwicanyi akekwako

Alain Guillaume Bunyoni yarengukishijwe kuri uno wa mbere imbere ya Sentare ntahinyuzwa i Gitega. Ibirego indwi, harimwo gutegura kugandagura umukuru w’Igihugu no guhirika ubutegetsi, bikaba ari vyo ategerezwa kwisigurako. Abantu batatu bareganwa hamwe na bo nyene bakaba bategerezwa kurenguka muri urwo rubanza rushobora gufata iminsi myinshi. Ariko rero abaharanira agateka ka zina muntu na bo bakabona ko uwo yahoze ari umushikiranganji wa Mbere yategerezwa no kubazwa ibindi vyaha bikomeye nk’ubwicanyi.