Amakuru
15 décembre 2022

Alain Guillaume Bunyoni akwiye gushengezwa mu butungane kugira yishure ku ruhara yagize mu bwicanyi

Nta gitangaje kubona Alain Guillaume Bunyoni asubizwa ku rutonde rw’abantu bakumirwa n’amakungu kubera bakoze amabi mu Burundi. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga. Wewe akabona ko ahubwo igitangaje ari uko yari yarakuwe kuri urwo rutonde. Uwo atavuga rumwe na leta abona ko Alain Guillaume Bunyoni akwiye gukwirikiranwa n’ubutungane co kimwe n’abo bafashanyije mu bwicanyi.