Amakuru
6 janvier 2022

Agashirukabute ku berekanye abinjiza ibidandazwa vy’ubusuma gategekanijwe n’itegeko

Mu kiganiro umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yariko agirana n’abanyagihugu, yamenyesheje ko itegeko rigenga abahora batafa ama frode rigiye gukurwaho. Ishirahamwe rirwanya ibiturire n’isesagura ry’amatungo ya leta (OLUCOME) ntirishigikiye ivyashikirijwe n’umukuru w’Igihugu ngo kuko itegeko ryo gushimira uwafashe frode ryemezwa n’amategeko menshi kw’isi. Gabriel Rufyiri, arongoye iryo shirahamwe, avuga y’uko ata caha kirimwo kandi ko iyo umuntu akoze neza agakorera igihugu ciwe ashimirwa.