Amakuru
23 septembre 2023

Agashavu ni ko katumye Abahutu bica Abatutsi muri Busangana mu 1965, ku bwa CVR

Ubwicanyi bwabaye i Busangana mu mwaka w’1965 bwatangujwe n’agashavu k’Abahutu baja kwica Abatutsi. Bivugwa na Pierre Claver Ndayicariye, arongoye umurwi wo kuvugana ukuri no kunywanisha Abarundi (CVR). Hari ku munsi wa mbere aho yariko atanga icegeranyo imbere y’Inama nshingamateka na Nkenguzamateka. Ndayicariye avuga ariko ko mu nyuma haciye hakurikira ihonyabwoko ry’Abahutu.