Amakuru
30 mars 2022

Agakuru keza, abasavye impapuro z’inzira barashobora kuzironka mu minsi ya vuba

Ibitabo vy’inzira bita passeports bigiye gusubira kuboneka imbere y’uko ukwezi kwa kane guhera, aho ni ku bari barabisavye. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa mbere na komiseri arongoye ikigo kiraba ibijanye n’uruja n’uruza ku mbibe PAFE, mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru. Maurice Mbonimpa asigura ko ikigo arongoye cari cagize ikibazo co kuronka udutabo PAFE ikoresha mu gukora ivyo bitabo vy’inzira. Yongera agahamagarira abanyagihugu kudomako urutoke uwo wese abasaba amafaranga y’igiturire kugira baronswe ico gitabo. Yamenyesheje ko abantu barenga 10 harimwo n’abapolisi, muri kino gihe bapfunzwe kubera ico caha.