Amakuru
13 janvier 2024

Agahengwe kamaze umwanya urume rumara mu migenderanire y’Uburundi n’Urwanda

Leta y’Uburundi yaraye ifashe ingingo yo kwugara imipaka yose isangiye n’igihugu c’Urwanda ica hasi. Iyo ngingo yafashwe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 11 Nzero iraraje ishinga abanyagihugu bo muri ivyo bihugu. Igihugu c’Urwanda ku ruhande rwaco, kirababajwe n’iyo ngingo yafashwe kitagishijwe inama, kikavuga ko ari ingingo ica kubiri n’amasezerano y’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko. Mw’itangazo ico gihugu casohoye kikimenya iyo ngingo, kivuga ko kibabajwe cane n’ingene abanyagihugu babujijwe uburenganzira bwo kwigenga mu gukoresha iyo mipaka, yari isanzwe icako n’ibidandazwa.