Amakuru
1 septembre 2021

Agacerere k’igipolisi ku masanganya ahitana abantu vyerekana ukutitaho ubuzima bw’abanyagihugu

Abantu barenga 95 barakomerekeye mu masanganya abiri yabereye mu ntara ya Muyinga. Iyambere yari iyi kamyo y’ubwoko bwa FUSO yari itwaye abantu barenga ijana, bakaba bari abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD bari bagiye mu birori vy’umunsi wahariwe urwaruka rw’uwo mugambwe. Hakaba hakomerekeye abarenga 77, abenshi bakaba barasinzikaye. Hari n’inkuru zivuga ko hoba harapfiriye abantu 8. Iryo sanganya rikaba ryabereye ku musozi Rukinzo, muri komine ya Gasorwe.
Isanganya rya kabiri ni iry’imodoka ikoreshwa n’iperereza mu ntara ya Cankuzo. Hari mw’ijoro igihe iyo modoka y’ikamyoneti y’ubwoko bwa Hilux yari ipakiye abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD bari bavuye mu birori vy’umunsi wahariwe urwaruka rw’uwo mugambwe. Ikaba yakoreye isanganya ku musozi Rusengo muri komine ya Muyinga, aho hakomeretse abantu 17, bose bikavugwa n’abari bahari ko basinzikaye.
Kubw’urunani rw’amashirahamwe yigenga FORSC, ngo ayo masanganya yerekana uko leta n’umugambwe uri ku butegetsi bitubahiriza agateka ka zina muntu, na cane cane ubuzima bw’abanyagihugu. Ernest Nkurunziza, umunyamabanga nshingabikorwa wa FORSC, ngo iyo abategetsi batubahiriza abanyagihugu basanzwe, ngo ntibokwubahiriza n’abo bivugwa ko bicuditse.